Uko wahagera

Abasirikare 120 ba Etiyopiya Basavye Ubuhungiro muri Sudani


Abasirikare ba Etiyopiya bo mu nteko UNAMID peacekeepers from Ethiopia prepare to go on a night patrol on a pick-up vehicle, in Gereida (South Darfur).

Abahoze ari abasirikare ba ONU bamuka muri Etiyopiya, aho intara zitari nke zirimwo na Tigre yasinzikajwe n’intambara z’amoko, basavye ubuhungiro muri Sudani, nkuko vyashikirijwe na ONU kuri uyu w’Imana.

Abo bahoze ari abasirikare ba ONU, mu murwi UNAMID, wagiye kubungabunga amahoro muri Sudani, bari bategekanijwe gutahukanwa inyuma y’aho ikiringo cabo muri ico gihugu kirangiriye mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Umuvugizi wa UNAMID, yavuze ko abo basirikare 120 basavye gukingirwa n’amakungu. HCR nayo nyene yemeje ko basavye ubuhungiro muri Sudani.

Ntibiramenyekana nimba abo bose bamuka mu ntara ya Tigre muri Etiyopiya.

ONU yarungitse abasirikare muri Darfur kuva mu mwaka w’2007. Igikorwa co gutahukana abasirikare n’abasivile baharurwa mu 8000 bari muri uwo mugwi catanguye mu kwezi kwa mbere. Bitegekanijwe ko kimara amezi atandatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG