Uko wahagera

Igisirikare ca RDC Cishe Abarwanyi 10 ba ADF muri Beni


Abasirikare ba FARDC mu ntara ya Ituri, mu kwezi kwa mbere 2020.
Abasirikare ba FARDC mu ntara ya Ituri, mu kwezi kwa mbere 2020.

Igisirikare ca Republika ya demokaratsi ya Kongo kuri uyu w’Imana cishe abarobeli 10 b’umuhari w’iterabwoba wa ADF mu karere kahungabanijwe n’intambara mu buseruko bw’igihugu.

Ivyo bitero vyatanguye ku musi wa kane mu ntara za Kivu y’uburaruko na Ituri, aho abasirikare n’abaporisi bategetswe gusubirira ubutegetsi bw’abasivile mu kiringo c’imisi 30.

Antony Mualushayi, umuvugizi wa gisirikare mu gisagara ca Beni, muri Kivu y’uburaruko yavuze ko ugutana mu mitwe kwabareye i Halungupa, mu karere ka Rwenzori. Yavuze ko biboneye ibiziga 10 vy’aba ADF, kandi ko ari ibiharuro bikiri ivy’imfatakibanza.

Mualushayi avuga ko biyemeje kurangiza na ADF rimwe rizima kugira abanyagihugu bo muri iyo ntara bahabwe amahirwe yo kuba mu mahoro.

Haruhande y’ivyo, itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ryavuze ko hari intumwa z’abategetsi ba Uganda bashitse i Beni kuri uyu w’Imana, ariko baba abategetsi ba gisirikare n’abo muri reta, nta n’umwe yashimye kugira ico avuze kuri urwo rugendo.

ADF, ni umuhari w’abarwanyi b’Abaganda, bari mu buseruko bwa Kongo kuva mu 1995. Wiswe na Reta zunze ubumwe za Amerika, umuhari w’iterabwoba ushamikiye ku muhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu. Umaze kwica abasivile barenga 1 000 kuva mu kwezi kwa cumi na kumwe muri Beni honyene.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG