Uko wahagera

OMS Iragabisha Afrika ko Itariko Iracandaga Covid-19 ku Bwinshi


Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, kuri uyu wa kane ryagabishije ko Afrika ishobora kuja mu gice ca kabiri c’abandura ku bwinshi Covid-19, kubera uguteba kuronswa incanco hamwe n’ikindi gisanira gishasha c’uwo mugera.

Ibiro bikurikirana Afrika muri OMS vyavuze ko uwo mugabane ukwiye guhamvya ibindi bice vy’isi mu gucandaga abanyagihugu.

OMS ivuga ko ibihugu bimwe vya Afrika vyerekanye akarorero keza mu kurondera incanco, ariko nta mazina yavyo yatangajwe. Ariko ivuga ko incanco ziri munsi y’ica kabiri c’izishika imiriyoni 37 Afrika yaronse arizo zimaze gukoreshwa.

Afrika ubu iri ku gice kimwe kw’ijana c’incanco zimaze guhabwa abantu kw’isi, nkuko OMS ibisobanura.

Incanco za mbere zahawe ibihugu 41 vya Afrika ziciye mu mugambi wa Covax zatanguye gushika mu kwezi kwa gatatu, ariko ibihugu icenda gusa nivyo bimaze gutanga ica kane cazo, mu gihe ibindi 15 bimaze gukoresha munsi y’ica kabiri.

Ariko nah bir'uko, OMS ivuga ko ibitigiri vy’abandura n’abapfa muri Afrika biri ku rugero rwo hasi kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG