Uko wahagera

Perezida Biden Yemeje Kuzokwakira Impunzi 62 500 ku Mwaka


Ikambi y'impunzi muri Siriya

Perezida Joe Biden yatangaje kuri uyu wa mbere ko yongereje igitigiri c’impunzi zemerewe kwakirwa muri Amerika buri mwaka gushika ku 62 500. Barenze igitigiri c’15 000 cari carashinzwe n’uwo yasubiriye Donald Trump.

Ibi abihinduye inyuma y’aho aneguriwe n’abo bacuditse ku ngingo yari yafashe yo kugumiza ico gitigiri ku cari carashinzwe.

Perezida Biden yavuze ko utu twigoro tuzobandanya gushika hashikiriwe igitigiri c’125 000 Amerika yipfuza gushikako.

Trump yagabanije izo mpunzi muri poritike yiwe ikarishe yo gucungera imbibe. Biden yiyamamaje yemerera abanyamerika ko azogarukana umugenzo Amerika yamanye wo kwakira impunzi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG