Uko wahagera

Abajihadiste Barateye Ikambi Zibiri muri Nijeriya Bica Abashika 8


Abasirikare ba Nijeriya bari mu gukizura hafi y'ikibuga c'indege i Diffa mu bumanuko bw'igihugu.
Abasirikare ba Nijeriya bari mu gukizura hafi y'ikibuga c'indege i Diffa mu bumanuko bw'igihugu.

Abarwanyi b’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu muri Nijeriya barateye ikambi zibiri za gisirikare mu buraruko bushira ubuseruko, bongera bica abantu bashika ku munani, nkuko amakuru ava mu gisirikare yabivuze kuri uyu w’Imana.

Aya makuru avuga ko ikambi ya Ajiri iri ku birometero 20 uva i Maiduguri, ku murwa mukuru wa reta ya Borno, yatewe mu gatondo ko kuri uyu w’Imana. Ku mugoroba wa ku musi wa gatandatu hatewe ikambi ya Rann muri iyo reta nyene.

Mw’ikambi ya Ajiri, abasirikare bararwanye amasaha abiri n’abajihadiste bari mu miduga iboheyeko inkoho, abandi ku mapikipiki, baromora abasirikare.

Umugabisha w’ingabo umwe w’iyo kambi yishwe, abandi basivile batandatu bahitanwa n’amasasu yigenza, nkuko ayo makuru abivuga.

Ayandi makuru aremeza ico gitigiri c’abapfuye kandi akongerako ko abo barwanyi basahuye ibirwanisho muri iyo kambi.

Perezida Muhammadu Buhari, mu ntango z’uyu mwaka yarasubirije abasirikare bakuru bane, yizeye ko ababasubiriye bazoca bahasha abo barwanyi bamaze gukura mu ngo imiriyoni zibiri z’abanyagihugu kuva mu 2009.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG