Uko wahagera

Abarundi Basabwa Gukura Amaboko mu Mpuzu Bakagwiza Umwimbu


Perezida Evariste Ndayishimiye
Perezida Evariste Ndayishimiye

Umusi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi ushitse mu Burundi igihugu kidashobora kwongera agashara abakoze kuko kikiri mu madeni menshi.

Bishikirizwa n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye aho ahubwo asaba Abarundi gukura amaboko mu mpuzu bakagwiza umwimbu.

Mw’ijambo yashikirije Abarundi rijanye n’uwo musi asaba ko abakozi n’abakoresha bumvikana mu ntumbero yo guteza imbere igihugu cabo abashaka kurya ivyo batabiriye akuya bagahanwa.

Uwo musi mukuru mu Burundi wahimbajwe ku civugo kigira giti: "Dukure amaboko mu mpuzu tugire urunani mu kugwana urugamba rwo gutuza ubukene."

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye amenyesha ko ico civugo gihamagarira Abarundi bose kugira urunani mw’iterambere kugira iterambere ribonetse rishikire bose. Yamenyesheje ariko ko nkuko abakozi bama bavyiteza uno mwaka abakozi batazongezwa umushahara bivanye n’ibigega bitifashe neza.

Kuri uno musi mukuru mpuzamakungu w’abakozi n’akazi, umukuru w’igihugu yabogoje mu mabanga yiwe Immaculée Ndabaneze, umushikiranganji ajejwe ubudandaji, gutwara abantu n’ibintu amahinguriro n’ingenzi. Nkuko bigaragarira mw’itegeko ryateweko umukono n’umukuru w’igihugu uwo mushikiranganji yabogojwe kuko ibikorwa vyiwe bishobora kubangamira ubutunzi bw’igihugu bikongera bigacafuza isura nziza y’Uburundi.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yamenyesheje ko bagiye gukurikirana bimwe biboneka amafaranga abakozi biziganiriza kugira hageze ko bakukuruka babeho nk'abigeze koko kuba bafitiye akamaro reta.

Uwo mugambi abarongoye amasendika barawukenguruka. Celestin Nsavyimana arongoye urunani mpuza masendika COSYBU amenyesha ariko umukuru w’igihugu ko kugira uwo mugambi uje mu nzira ku neza ya bose hari ibitegerezwa kubanza guhinduka.

Abakozi ba reta bobo baganiriye na Radiyo Ijwi ry’Amerika bamenyesha ko ku musi w’abakozi ico baba biteze ari uko bongerwa agashahara. Bakamenyesha ko kubona batongewe bigiye kubandanya vyongereza ubukene burangwa mu Burundi mu bakozi ba reta.

Uwo musi mukuru w’abakozi n’akazi wahimbarijwe muri komine Buganda intara ya Cibitoke mu burengerazuba bw’Uburundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG