Uko wahagera

USA Isaba Abakozi Badakenewe i Kabul Gutahuka Kubera Umutekano


Ambasade ya Amerika i Kabul muri Afghanistan
Ambasade ya Amerika i Kabul muri Afghanistan

Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa kabiri yategetse abakozi bayo badakenewe cane kuva muri ambasade yayo i Kabul muri Afuganistani. Amerika ivuga ko ari ku mvo z’umutekano mu gihe Amerika iri mu myiteguro yo kurangiza intambara imazemwo imyaka 20 muri ico gihugu.

Ubushikiranganji bwa Amerika bw’imigenderanire n’ayandi makungu bwavuze ko bwategetse abakozi ba ambasade imirimo yabo ishobora gukorerwa ahandi gutahuka.

Ross Wilson, ambasaderi w’imfatakibanza i Kabul, yavuze ko iyo ngingo yafashwe kubera ubwicanyi hamwe n’igabisha ryo kwicwa vyiyongereye. Yavuze ko abakozi bazokorwako n’iyo ngingo ari bake kandi ambasade izoguma ikora.

Abakozi bakenewe mu bikorwa vyo gufasha mw’itahuka ry’abasirikare hamwe n’abagifasha abanyagihugu ba Afuganistani bazoba baragumyeyo, nkuko ambasaderi Wilson yabivuze.

Perezida Joe Biden mu ntango z’uku kwezi yavuze ko abasirikare bose Amerika ifitiye muri Afuganistani bazoba bavuyeyo kw’itariki ya 11 z’ukwezi kw’icenda. Ni igihe Amerika izoba yibuka imyaka 20 izoba irangiye habaye ibitero vy’iterabwoba vyatumye Amerika itera Afuganistani, yirukana ubutegetsi bw’Abatalibani bwari bwahaye indaro Al-Qaeda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG