Reta zunze ubumwe za Amerika yagaragaje icizere kuri uyu wa mbere, inyuma y’aho ubutegetsi bushasha bwa Cadi bugeneye umushikiranganji wa mbere w’umusivile. Ariko Amerika isaba ko hubahirizwa demokarasi inyuma y’urupfu rwa perezida Idriss Deby Itno.
Robert Godec, umufasha w’umushikiranganji w’imigenderanire wa Amerika ku bibazo vya Afrika, yabwiye abamenyeshamakuru ko kugena umushikiranganji wa mbere w’umusivile ari intambwe nziza ya mbere. Asaba ariko ko izindi ntambwe zigana ku kwubahiriza demokarasi zica zikurikira.
Godec yavuze ko Amerika yagumanye amakenga ku nzira igihugu ca Cadi kizofata inyuma y’urwo rupfu.
Akagwi k’abasirikare kafashe ubutegetsi kaciye kagena umuhungu wa Deby, w’imyaka 37, ku burongozi bw’igihugu, mu nyuma kuri uyu wa mbere umusivile Albert Pahimi Padacke aca agenwa mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere.
Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko kubona umuhungu wa Deby yaciye afata ubutegetsi, babibona nka kudeta.
Facebook Forum