Uko wahagera

Igisirikare ca Cadi Ntikirota Kiganira n'Abarobeli


Abasirikare ba Cadi mu biduga vya Blinde i N'Djamena, kw'itariki ya 23/01/2021
Abasirikare ba Cadi mu biduga vya Blinde i N'Djamena, kw'itariki ya 23/01/2021

Akagwi k’abasirikare bagize akanama gatwara Cadi, inyuma y’urupfu rw’uwahoze ari perezida, Idriss Deby kavuze ko ata biganiro kazogirana n’abarobeli barwanira mu buraruko bw’igihugu. Kasavye kandi igihugu kibanyi ca Nijeri gufata umukuru w’abo barobeli yahungiyeyo. Umuvugizi w’abo basirikare, Azem Bermandoa Agouna, yabishikirije kuri uyu w’Imana.

Ku musi wa gatandatu, abarobeli b’umuhari “Front pour le Changement et la Concorde au Chad”, yari yavuze ko biteguye gutanga agahengwe k’intambara, ariko umuvugizi w’akanama ka gisirikare we yemeza ko babandanya urugamba.

Kuri uyu w’Imana, umukuru w’abaroberi, Mahamat Mahadi Ali yahungiye muri Nijeri. Akanama k’abasirikare barongoye igihugu, inyuma y’urupfu rwa Idriss Deby Itno yasavye ico gihugu kibanyi kumufata.

Ubufaransa, igihugu cahoze gikoroniza Cadi, carashigikiye umuhungu wa Deby, Mahamat, uwemeye gushikana igihugu mu matora mu mezi 18 ari imbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG