Uko wahagera

RDC Isaba Indishi ku Ntambara Uganda Yateje mu Ntara ya Ituri


Sentare mpuzamakungu y'ubutungane
Sentare mpuzamakungu y'ubutungane

Republika ya demokarasi ya Kongo kuri uyu wa kabiri yagirije Uganda ubwicanyi bwabaye mu myaka mirongo ibiri iheze, mu rubanza yitwayemwo muri sentare y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, mu gusaba indishi y’akababaro iharurwa mu miriyaridi z’amadolari.

Sentare mpuzamakungu yaciye urubanza mu 2005 ko Uganda iriha Kongo indishi y’akababaro mu kuvogera ico gihugu mu ntambara yabaye hagati y’1998-2003, yahitanye imiriyoni zitatu z’abanyagihugu.

Urwo rubanza rwongeye gusubira muri sentare y’i Lahaye, kugira ifate ingingo ya mbere ku gitigiri c’amafaranga y’agashumbusho, inyuma y’aho ivyo bihugu binaniranye kwumvikana mu biganiro.

Umushingwamanza aburanira Republika ya demokarasi ya Kongo, Paul-Crispin Kakhozi Bin-Bulongo, yavuze ko iyo ntambara y’imyaka itanu Uganda yateye, yakurikiwe n’ihonyangwa rikomeye ry’agateka ka muntu.

Abategetsi ba RDC bavuze ko bakeneye ko Uganda itanga agashumbusho kari hagati y’imiriyaridi 6 na 10 z’amadolari.

Ibihugu icenda vya Afrika ni vyo vyagize uruhara muri iyo ntambara, aho Uganda n’U Rwanda vyashigikiye imihari y’abarobeli yarwanya Kongo igihe bariko barwanira kwigarurira intara ya Ituri yuzuyemwo ubutare.

Bitegekanijwe ko ababuranira Uganda bashikiriza ivyireguro vyabo muri iyo sentare ku musi wa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG