Uko wahagera

Intureka Hagati y'Amoko muri Etiyopiya Zahitanye Abashika 14


Oromia, Amhara, na Afar Ethiopia
Oromia, Amhara, na Afar Ethiopia

Abasivile bashika kuri 14 hamwe n’umuporisi umwe barapfuye mu mishamirano ishingiye ku moko mu ntara ya Amhara ya Etiyopiya. Abategetsi babishikirije kuri uyu wa mbere, kandi bongerako ko ibitigiri vy’abishwe biza bigeze mu majana.

Abategetsi bavuga ko amazu aharurwa mu macumi yaraturiwe gushika ku mishinge, ibihumbi vy’abasivile barahunga kuva ku musi wa gatatu honyene, benshi muri bo basavye indaro mu mashure no mu masitade.

Igisirikare ca Etiyopiya cavuze ku musi w’Imana ko carungitseyo abasirikare kugerageza kugarukana umutekano, uhungabanye igihugu cimirije amatora mu ntango z’ukwezi kwa gatandatu.

Intara ya Amhara igwiriyemwo ubwoko bw’aba Amhara, bugira kabiri mu bwinshi muri Etiyopiya, inyuma y’ubwoko bw’aba Oromo.

Umuhuza w’abanyetiyopiya, Endale Haile, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ko iyo mishamiraho hagati y’amoko mu ntara ya Amhara yahitanye abantu barenga 300 mu kwezi kwa gatatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG