Uko wahagera

Abashika 11 Bapfuye mw'Isanganya ry'Itereni muri Misiri


Ahabereye isanganya ry'itereni muri Misiri, mu gasagara ka Banha mu ntara ya Qalyubia. Kw'itariki ya 18/04/2021
Ahabereye isanganya ry'itereni muri Misiri, mu gasagara ka Banha mu ntara ya Qalyubia. Kw'itariki ya 18/04/2021

Abategetsi muri Misiri bavuze ko isanganya ry’itereni ryabereye mu buraruko bw’umurwa mukuru Cairo ryahitanye abashika 11.

Abategetsi bajejwe amabarabara y’indarayi bavuze ko ibiduga bine vy’iyo tereni vyataye inzira igeze mu gasagara ka Banha mu ntara ya Qalyubia, kuri uyu w’Imana.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu yavuze ko abantu bashika kuri 98 bakomeretse.

Amasanamu yahererekanijwe ku mbuga huriro za social media yerekanye ibiduga vyacurangutse hamwe n’ingenzi ziriko zisokokamwo zinyaga amagara.

Iyo tereni yariko yerekeza mu gisagara ka Mansoura ivuye ku murwa mukuru wa Misiri. Ni imwe mu masanganya y’indarayi yakunze kuba mu myaka iheze muri ico gihugu.

Mu ndwi iheze, abantu bashika 15 barakomeretse mw’isanganya nk’iryo mu ntara ya Sharqia.

Iri sanganya ribaye kandi haheze indwi zitatu izindi tereni zibiri zunguruza abantu zisekanye mu ntara ya Sohag, hasiga ubuzima abantu bashika 18, n’abandi 200 bakomeretse barimwo abana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG