Uko wahagera

RDC: Perezida Felix Tshisekedi Yagenye Reta Nshasha


Jean-Michel Sama Lukonde, umushikiranganji wa mbere (i Buryo) na Perezida Félix Tshisekedi
Jean-Michel Sama Lukonde, umushikiranganji wa mbere (i Buryo) na Perezida Félix Tshisekedi

Perezida Felix Tshisekedi, wa Republika ya demokarasi ya Congo, ubu aragenzura reta nshasha yashizwe ahagaragara kuri uyu wa mbere. Ni inyuma y’amezi ane aburabuzwa n’abo ku ruhande rw’uwo yasubiriye, Joseph Kabila. Umutegetsi wa reta niwe yabitangaje.

Perezida yaragenye mu kwezi kwa kabiri uwahoze arongoye sosiyete ya reta y’ubutare, Gecamines, Jean-Michel Sama Lukonde Kyenge, mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere.

Sama Lukonde yasubiriye Sylvestre Ilunga Ilunkamba, yakuwe inyuma y’aho urunani hagati y’abayoboke ba perezida Tshisekedi na Kabila rusambukiye.

Reta nshasha igizwe n’abashikiranganji 57 barimwo abakenyezi 14, nkuko itegeko rya perezida ryasomwe n’umuvugizi wiwe, Kasongo Mwema ribivuga.

Umushikiranganji wa mbere Sama Lukonde yavuze ko ivyo iyo reta igiye kwihutira birimwo umutekano, no gusubiramwo amategeko ajanye n’amatora muri ico gihugu.

Uruhagarara rwa poritike rwadutse mu mwaka uheze, igihe Perezida Tshisekedi yatangaza ko gusangira ubutegetsi vyamuhagarikiye imigambi yiwe yo kugira ico ahinduye mu gihugu. Yaciye atangura kurondera uko yogwiza abashingamateka bamushigikiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG