Uko wahagera

Amashirahamwe 3 y'Abagiraneza Yatewe mu Buraruko bwa Nijeriya


Abantu mw'ibarabara ryo mu gisagara ca Damasak, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya.
Abantu mw'ibarabara ryo mu gisagara ca Damasak, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko ibigo bitatu vy’amashirahamwe mpuzamakungu y’abagiraneza vyatewe mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya. Nta muhari wemeye ko ari wo wagavye ivyo bitero mu gisagara ca Damasak, mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu. Ariko hakekwa umuhari w’intagondwa z’abayisilamu ziyonkoye kuri Boko Haram, witwa ISWAP.

Uwo muhari wamye ugabisha abanyenijeriya ko bazoterwa igihe cose bazokworohereza amashirahamwe y’abagiraneza akorera mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu.

Rimwe muri ayo mashirahamwe ryamuka muri Norvege, kandi rifasha impunzi, ryavuze ko imiduga yaryo ikoreshwa mu guha imfashanyo abasivile yasambuwe muri ico gitero.

Abategetsi bo mu nzego z’ibanze bavuze ko abo barwanyi basahuye imiti mw’ivuriro ryo muri ico gisagara ca Damasak bongera biba imodoka ya rusehabaniha, ariko barateshejwe bagira baturire iryo vuriro.

Kibaye igitero kigira kane uwo muhari ukoze kuri ico gisagara no mu bice bigikikuje muri uyu mwaka, kandi bugize kabiri amashirahamwe y’abagiraneza aterwa mu mezi abiri aheze muri ico gice ca Nijeriya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG