Uko wahagera

Abishwe mu Ntureka z'Amoko muri Darfur Bashitse kw'125


Ahabereye ubwicanyi hagati y'aborozi b'Abarabu hamwe n'abatari abarabu bo mu bwoko bw'aba Massalit mu gisagara ca El Geneina, ku murwa mukuru wa Darfur y'uburengero.
Ahabereye ubwicanyi hagati y'aborozi b'Abarabu hamwe n'abatari abarabu bo mu bwoko bw'aba Massalit mu gisagara ca El Geneina, ku murwa mukuru wa Darfur y'uburengero.

Abaganga ku murwa mukuru wa reta ya Darfur y’uburengero muri Sudani bavuga ko ibitigiri vy’abasize ubuzima mu gutana mu mitwe kwabaye hagati y’amoko vyaduze gushika kw’125 hamwe n’abarenga 200 bakomeretse.

Umwe mu baganga bigisha ku bitaro biramura abaganga i El Geneina, yavuze ko ivyo bitaro vyaherewe n’ibikoresho vyo kuvura abakomeretse muri ubwo bwicanyi bwatanguye ku musi wa gatandatu.

Dr Ahmed Ishaq Mohammed, yavuze ko abaganga bagenzi we hamwe n’abaforoma bariko baravura abantu 208 muri ivyo bitaro vy’i El Geneina hamwe no ku bitaro vy’abasirikare bihegereye. Yavuze ko harimwo abantu basinzikaye cane muri izo ntambara.

Uru ruhagarara rwatanguye inyuma y’aho abagabo bitwaje inkoho bataramenyekana barasiye bongera barica ingenzi zitatu zari mu modokari kw’ibarabara rya Melli-El Geneina. Iyi yaciye iba imbarutso yo gutana mu mitwe hagati y’amoko y’aba Masalit hamwe n’Abarabu muri reta ya Darfur y’uburengero.

Gushika kuri uyu wa kane, ibiro, amashure hamwe n’amasoko biracugaye kuko abitwaje inkoho bo muri iyo mirwi ibiri bari baciganziye ico gisagara.

Reta ya Sudani y’imfatakibanza yategetse ko urwo ruhagarara hagati y’amoko ruhagarara kandi ica asaba abajejwe umutekano kugarukana ituze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG