Perezida wa Cote d’Ivoire, Alassane Ouattara kuri uyu wa gatatu yatangaje ko uwo yakoreye mu ngata, Laurent Gbagbo, ahawe ikaze ryo gutahuka muhira, inyuma yo kwezwa ku vyaha vyo guhohotera ikiremwa muntu mu ruhagarara rwa poritike rwabaye mu gihugu, haraheze imyaka icumi irenga.
Ouattara yavuze ko Gbagbo hamwe n’uwahoze ari soma mbike wiwe, Charles Ble Goude, atacobuza batahuka muri Cote d’Ivoire igihe bovyipfuza.
Yashikirije ibi, haheze indwi sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, yemeje ko abo uko ari babiri bera ku vyaha bagirijwe ku bwicanyi bwabaye inyuma y’amatora muri Cote d’Ivoire mu myaka y’2010-2011.
Ouattara yabwiye abashikiranganji ko hazokorwa ibishoboka kugira Laurent Gbagbo ahabwe ivyo arekuriwe n’amategeko, n’uburusho buhabwa abahoze ari abaperezida. Reta ivuga ko izoriha uburyo bw’amafaranga kw’itahuka ryiwe n’umuryango wiwe.
Abantu barenga 3 000 barishwe mu mezi iyo midugararo yamaze, inyuma y’amatora yo mu 2010, igihe Gbagbo yaharira ku biharuro vyashikirijwe ko vyavuye mu matora yatsinzwe na Ouattara, mu nyuma yanka gushikiriza ubutegetsi.
Gbagbo yaruhiye gukurwa ku butegetsi ku nguvu, kandi aba umukuru w’igihugu wa mbere arengukijwe imbere ya CPI mu Buholande. Ariko, we na Ble Goude ntibahengeshanya kuvuga ko ata vyaha bihohotera ikiremwa muntu bakoze.
Facebook Forum