Uko wahagera

Umukuru w'Igiporisi ca Minneapolis Avuga ko Derek Chauvin Atubahirije Amategeko


Medaria Arradondo, umukuru w'igiporisi c'i Minneapolis, yishura ibibazo vy'abacamanza.
Medaria Arradondo, umukuru w'igiporisi c'i Minneapolis, yishura ibibazo vy'abacamanza.

Umukuru w’igiporisi mu gisagara ca Minneapolis muri reta ya Minnessota, Medaria Arradondo, yavuze kuri uyu wa mbere ko uwahoze ari umuporisi, Derek Chauvin atakurikije amategeko y’igiporisi, igihe yapfukama kw’izosi rya George Floyd mw’ibarabara mu kiringo c’iminota icenda. Yavuze ko gupfukama kw’izosi ry’umuntu yaboshwe n’amapingu bitari mu mategeko y’igiporisi canke mu nyigisho gitanga.

Ni mu gihe kuri uyu wa mbere, iburanishwa ry’urubanza ruregwamwo Chauvin, rwinjira mu ndwi igira kabiri.

Arradondo, umwirabure wa mbere arongoye ico giporisi, yavuze ko abaporisi bahabwa inyigisho zo guhwamika icuka kibi no kwirinda gukoresha inguvu zirenze igihe cose bishoboka. Arradondo, yirukanye Chauvin hamwe n’abandi baporisi batatu, inyuma y’umusi umwe Floyd apfuye. Yabwiye abashikirizamanza ko Chauvin yakoze ubwicanyi.

Imbere yuko ubutungane bwumviriza uwo mukuru w’igiporisi, bwabanje kwumviriza umuganga ashinzwe icumba cakirirwamwo ahashikira indembe, mu gisagara ca Minneapolis. Dr Bradford Langenfeld yavuze ko George Floyd yishwe no kubura impwemu za oxygen. Yifatanije n’abagiriza uwahoze ari umuporisi, Derek Chauvin, yapfukamye kw’izosi ryiwe mu kiringo c’iminota umunani, mw’ibarabara ryo muri ico gisagara mu kwezi kwa gatanu k’umwaka uheze.

Dr. Bradford Wankhede Langenfeld, niwe yatangaje ko George Floyd asandavye. Aha ariko avuga ivyo azi kuri urwo rupfu, mw'iburanishwa ku rubanza rw'umuporisi yagirizwa urupfu rwiwe. Minneapolis, kw'itariki ya 5-4-2021
Dr. Bradford Wankhede Langenfeld, niwe yatangaje ko George Floyd asandavye. Aha ariko avuga ivyo azi kuri urwo rupfu, mw'iburanishwa ku rubanza rw'umuporisi yagirizwa urupfu rwiwe. Minneapolis, kw'itariki ya 5-4-2021

Abaforoma bakorera munsi y’uburongozi bwa Dr. Bradford Langenfeld, baragerageje kumugarukanira ubuzima ariko ntivyabashobokeye kuko yaciye acikana.

Ababuranira Chauvin bireguye bavuga ko Floyd yapfuye kuko yagendena ibindi bibazo vy’amagara. Bavuga kandi ko ivyo Chauvin yakoze vyose igihe yahagarika Floyd, yisunze imyimenyerezo yahawe muri uyo mwuga w’igiporisi.

Dr Langenfeld, niwe atanguje indwi igira kabiri y’iri buranisha, yavuze ko umutima wa Floyd wahagaze gutera igihe yashikanywa ku bitaro, kandi ko bamaze iminota 30 bagerageza kumusubizamwo ubuzima riko bibata kuw’amazi.

Langenfeld yavuze ko yisunze amakuru yahawe, kubura impwemu nico kiza imbere y’izindi nsiguro zitangwa n’abiregura.

Indwi ya mbere y’iri buranisha yaranzwe no kwumviriza ivyabona vyiboneye n’amaso uwahoze ari umuporisi Chauvin apfukama kw’izpsi rya Floyd mw’ibarabara, atakamba avuga ko adashobora guhema.

Urwo rupfu rwo kw’itariki ya 25 z’ukwezi kwa gatanu, rwavyuye imyiyerekano yiyamiriza amabi abaporisi bakorera inkehwa muri Amerika, ndetse no kw’isi hose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG