Uko wahagera

Abarobeli bo mu Runani UPC Bahisemwo Amahoro muri Centrafrika


Urunani rukomeye ruhurikiyemwo imihari yitwaje ibirwanisho muri Centrafrika rwavuze kuri uyu wa mbere ko ruzova mu runani rw’imihari y’abarobeli itumbereye gukura ku butegetsi, Perezida Faustin Archange Touadera.

Urunani, Unité pour la Paix en Centrafrika, UPC, rukomeye cane mu buseruko bw’igihugu, rwiyemeje kuva mu runani Coalition des Patriotes pour la Changement. Izo nani zagiye hamwe kw’itariki ya 19 y’ukwezi kwa cumi na kabiri zitumbereye gukura Perezida Touadera, bwamwagiriza kugomba kwigumiza ku butegetsi.

Urunani UPC, rwavuze ko rugiye kwubahiriza amasezerano y’amahoro yumvikanyweko i Khartoum, amasezerano yasinywe mu kwezi kwa kabiri muri 2019 hagati ya reta n’imihari yitwaje ibirwanisho 14.

Uruhagarara muri Cenftrafrika rwongerekanye kuva habaye amatora mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Abantu barenga 30 000 barahunze igihugu kubwo ubwo bwicanyi bwadutse mu matora, nkuko ONU ibivuga, mu gihe ibihumbi bamaze guta ingo zabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG