Uko wahagera

Brezile-Covid-19: Perezida Bolsonaro Abashikiranganji Bamuhezeko


Perezida wa Brezile Jair Bolsonaro i Brasilia, muri Brezile, mu gihe c'ikiza ca COVID-19.
Perezida wa Brezile Jair Bolsonaro i Brasilia, muri Brezile, mu gihe c'ikiza ca COVID-19.

Umushikiranganji wa Brezile ajejwe kwivuna abansi, Fernando Azevedo e Silva, yatangaje kuri uyu wa mbere ko asezeye muri reta ya Perezida Jair Bolsonaro. Ahambije bagenzi we b’imigenderanire n’ayandi makungu hamwe n’uwo amagara y’abantu.

Atangaje ko atanze imihoho inyuma y’amasaha uw’imigenderanire Ernesto Araujo nawe atanze imihoho bitewe n’ibibazo biri muri reta vyo kuronka incanco za Covid-19.

Mu ndwi iheze, Perezida Bolsonaro yarakuye umushikiranganji w’amagara y’abantu, Eduardo Pazuello, amusubiriza umuhinga w’ingwara z’umutima, Marcelo Queiroga, umushikiranganji agira kane muri iki gihe c’ikiza ca Corona.

Perezida yamye atumvira impanuro z’abahinga kuri ico kiza, ari muyabira, aho asa n’uwananiwe guhagarika ikwirakwira ry’umugera wa Covid-19 muri Brezile no kuronsa abanyagihugu imiriyoni 212 incanco zo kubakingira.

Abarenga 312 000 baramaze guhitanwa na Covid-19 muri Brezile, nkuko ibitigiri bitangwa na reta bivuga. Ni igihugu kiza ubugira kabiri mu gutakaza abantu benshi kw’isi, inyuma ya Reta zunze ubumwe za Amerika irenza ibihumbi 549.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG