Uko wahagera

Abantu 137 Barishwe mu Gitero c'Intagondwa muri Nijeri


Niger 1

Reta ya Nijeri yatangaje kuri uyu wa mbere ko abantu barenga 100 bishwe mu gitero gikekwa kuba carakozwe n’intagondwa ziyitirira idini rya kiyisilamu ku musi w’Imana.

Umuvugizi wa reta, Zakaria Abdourahamane yavuze ko 137 biciwe mu mihana iri hafi y’urubibe Nijeri ihana na Mali.

Mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo ya reta, Abdourahamane yavuze ko abo bantu bitwaje inkoho barenze umurongo mu gukora ububisha bungana gurtyo.

Yaciye atangaza ikigandaro c’imisi itatu kuva kuri uyu musi wa kabiri, kandi avuga ko reta igiye gukomeza umutekano muri ako karere no kurondera no kurengutsa imbere y’ubutungane abazokwagirwa.

Umutegetsi wo mu nzego z’ibanze muri ako karere yavuze ko abantu bitwaje inkoho bari ku mapikipiki bateye abanyagihugu bo mu mihana ya Intazayene, Bakorat na Wistane ku musi w’Imana, barasa ico bahuye naco cose.

Ibitigiri vy’abishwe muri ubu bwicanyi muri ako karere kari ku rubibe rwa Mali na Nijeri biciye bishikana ku bantu 236 bishwe mu kiringo c’indwi imwe gusa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG