Uko wahagera

Abagabo Bitwaje Inkoho Barishe Abantu 58 Bavuye mw'Isoko muri Nijeri


Abanyagihugu bo mu mihana ya Zibane-Koira Zéno, mu ntara ya Tillabéri bari mu nama inyuma y'igitero c'abitwaje ibigwanisho kw'italiki ya 8-05-2020
Abanyagihugu bo mu mihana ya Zibane-Koira Zéno, mu ntara ya Tillabéri bari mu nama inyuma y'igitero c'abitwaje ibigwanisho kw'italiki ya 8-05-2020

Reta ya Nijeri ivuga ko abagabo bitwaje inkoho bateye umugwi w’abantu bari bavuye mw’isoko, bica 58. Ico gitero co ku musi wa mbere cabereye mu ntara yamamwo imidugararo ya Tillaberi, aho abantu 100 bishwe mu rukurikirane rw’ibitero mu kwezi kwa mbere.

Nta washotse yiyitirira ubwo bwicanyi bwo kuwa mbere, ariko imihari y’intagondwa ishamikiye ku muhari wa reta ya kiyisilamu mu karere ka Sahara ni yo izwi ko ikorera muri ako karere.

Abantu bishwe bari batahutse bavuye mw’isoko ry’ibitungwa mu gisagara ca Banibangou, hafi y’urubibe na Mali. Abo bakekwa gukora ubwo bwicanyi barasambuye amabutike y’ibiribwa.

Iryo tangazo ryasomwe kuri uyu wa kabiri kuri televiziyo ya reta n’umuvugizi wa reta, Abdourahmane Zakaria, kandi yatangaje imisi itatu reta yashizeho yo kugandarira abishwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG