Uko wahagera

Afrika y'Epfo Iragurisha Incanco za AstraZeneca muri Afrika


Umukozi ariko arasuzuma incanco za COVID-19 zosogaye i Johannesburg, kw'itariki ya 2/02/2021
Umukozi ariko arasuzuma incanco za COVID-19 zosogaye i Johannesburg, kw'itariki ya 2/02/2021

Afrika y’Epfo imaze kugurisha incanco zo gukinga Covod-19 za AstraZeneca zingana n’umuriyoni, zizogabanganwa mu bihugu 14 vya Afrika. Umushikiranganji w’amagara y’abantu yabitangaje kuri uyu w’Imana.

Afrika y’Epfo, mu kwezi guheze yarahagaritse gucandaga abanyagihugu bayo n’urwo rucanco rwa AstraZeneca, inyuma y’amakenga yagaragaye ku bushobozi bwarwo ku gisanira gishasha ca Covid-19 cadutse muri ico gihugu.

Afrika y’Epfo yaciye ihitamwo kugurisha izo ncanco za AstraZeneca mu bihugu bigize ubumwe bwa Afrika.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Zweli Mkhize, yavuze ko ibihugu 9 bimaze kuzironswa kandi ko izisigaye zigiye guhabwa ibindi bihugu 5 bitadondaguwe.

Abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, barahaye uburenganzira urucanco rwa AstraZeneca, bavuga ko rushobora gukoreshwa n’ibihugu vyose kandi rukinga n’ibindi bisanira vyose vya Covid-19.

Ubumwe bwa Afrika bumaze kuronswa incanco zingana imiriyoni 270 kandi bwavuze ko bwishimiye gutanga izahinguwe n’ikompanyi AstraZeneca.

Afrika y’Epfo imaze kuronka abantu barenga umuriyoni 1 n’ibihumbi 500 banduye uwo mugera, barimwo 52 000 wahitanye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG