Uko wahagera

Ibihugu vya Bulaya Vyongeye Kwizera Urucanco rwa AstraZeneca


HONDURAS-HEALTH-VIRUS-VACCINES
HONDURAS-HEALTH-VIRUS-VACCINES

Ibihugu vya Bulaya bifise igihagararo, kuri uyu wa kane vyavuze ko bisubiye gukoresha incanco za AstraZeneca. Ni inyuma y’aho ikigo ca Bulaya kijejwe kugenzura ivy’ubuganga kivugiye ko urwo rucanco ata nkurikizi mbi rufise, kandi rutazibira amaraso mu mitsi.

Iri tangazo rije inyuma y’aho ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS n’igisata c’Ubwongereza gikurikirana ivy’amagara, vyose bitangaje ko urwo rucanco ari rwiza.

Ubufaransa kuri uyu wa kane bwongeye gukomeza ingingo zo kwirinda Covid-19 mu kubuza imirimo i Paris no mu zindi ntara, mu gihe hashobora kuza igice ca gatatu c’ikwirakwira ry’uwo mugera, aho ibitaro vyongeye kwuzura.

Ubufaransa kandi bwavuze ko bushobora kwongera gukoresha urucanco rwa AstraZeneca inyuma y’aho Ubulayi bwongeye kuruha uburenganzira. Ibindi bihugu vya Bulaya vyemeye kubandanya birukoresha ni Ubudagi, Espanye, Ubutaliyano, Ubuholande, Portugal, Slovenia na Bulgaria.

Norvege n’Ubuswede vyavuze ko batiteguye kwongera gukoresha urwo rucanco.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG