Uko wahagera

Biden n'Abademokrate mu Kwamamaza Imfashanyo Zigarukira Abanyagihugu


Perezida Joe Biden
Perezida Joe Biden

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, hamwe n’abandi bo mu mugambwe w’abademokrate baratangura ingendo muri iyi ndwi mu mareta atari make, zigamije kwamamaza ivyiza vy’amafaranga yababa triliyoni zibiri z’amadolari. Ni amafaranga aheruka kwemezwa nk’itegeko kugira afashe igihugu n’abanyagihugu basinzikajwe n’ikiza ca COVID-19.

Uru rugendo rugamije kumenya neza ko ababatoye bazi ingene akamaro izo mfashanyo zizobamarira kandi basigurirwe ko ata mu republikani yashigikiye iri tegeko.

Ku musi wa kabiri, Perezida azoja muri reta ya Delaware. Umutambukanyi wiwe, Jill Biden kuri uyu wa mbere aja muri New Jersey, kwa gatatu azoce arangurura muri New Hampshire. Icegera ca Perezida, Kamala Harris hamwe n’umutambukanyi wiwe, Doug Emhoff, bategekanya kuzogendera reta za Colorado, New Mexico, New Jersey, Georgia na Pennsylvania.

Aya mafaranga y’imfashanyo ni yo ya mbere menshi atanzwe yo gufasha kuzamura ubutunzi muri kahise ka Amerika, kandi ni intsinzi ya mbere Perezida Biden ashitseko kuva ashikira ubutegetsi.

Abakeba biwe b’abarepublikani ntibashigikiye canke ngo batore iri tegeko, kuko barinegura bavuga ko harimwo amafaranga menshi ataho ahuriye na Covid-19, imaze guhitana ubuzima bw’abanyamerika barenga 534,000.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG