Uko wahagera

Umudiplomate wa Etiyopiya i Washington Yatanze Imihoho Yitwaje Ihonyabwoko muri Tigre


Embassy of Ethiopia, Washington, D.C.
Embassy of Ethiopia, Washington, D.C.

Umudiplomate wo muri Ambasade ya Etiyopiya muri Reta zunze ubumwe za Amerika, yatanze imihoho kuri uyu wa gatatu, avuga ko ari kubera intambara iriko iraba mu ntara ya Trigre muri Etiyopiya.

Umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed, yarungitse abasirikare muri Tigre mu kwezi kwa cumi na kumwe gufunga no kwaka ibirwanisho abategetsi b’umugambwe TPLF, utwara iyo ntara.

Yavuze ko iyi ngingo ifashwe kubwo igitero uwo mugambwe wakoze ku kambi y’abasirikare ba reta.

Umushikiranganji wa mbere Abiy, yatangaje ko abasirikare biwe batsinze, inyuma yo kwinjira i mekele, ku murwa mukuru w’iyo ntara. Abategetsi b’umugambwe TPLF barahunze ariko intambara ziracabandanya.

Mu rwete yanditse, icegera ca ambasaderi wa Etiyopiya I Washington, Berhane Kidanemariam, yavuze ko atanze imihoho kubera intambara y’ihonyabwoko iriko ibera muri Tigre, hamwe n’amabi reta iriko irakora mu bindi bice vya Etiyopiya.

Ihungabana ry’itumatumanako hamwe no kutabasha kuronka amakuru ahagije vyatumye bigorana kumenya igitigiri c’abapfiriye muri izo ntambara.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yaratohoje ubwicanyi bwabereye mu bice bitandukanye, kandi abakozi bo mu mashirahamwe atanga imfashanyo aragabisha ko abanyagihugu bagiye kwinjira mu bihe vy’inzara bidasanzwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG