Uko wahagera

Amerika n'Ubulayi mu Biganiro kw'Ihindagurika ry'Ibihe


Intumwa idasanzwe ya Amerika kw'ihindagurika ry'Ibihe John Kerry, hamwe n'abategetsi ba Bulaya muri ico gisata. i Buruseli mu Bubiligi, kw'itariki 9/03/2021

Intumwa idasanzwe ya Reta zunze ubumwe za Amerika kw’ihindagurika ry’ibihe, John Kerry, yari i Buruseli mu Bubirigi kuri uyu wa kabiri, kuganira ku gukorera hamwe hagati y’ubumwe bwa Bulaya na Perezida Joe Biden ku gusubira mu twigoro two kunagura amasezerano kw’ihindagurika ry’ibihe.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ari kumwe n’umukuru w’Ubumwe bwa Bulaya kw’ihindagurika ry’ibihe, Frans Timmermans, John Kerry yashimangiye ko reta ya Biden yiteguye guhangana n’ico kibazo.

Kerry yavuze ko inama kw’ihindagurika ry’ibihe yo muri uyu mwaka mu kwezi kwa cumi na kumwe i Glasgow, muri Ecosse, kazoba akaryo keza isi izoba ironse ko kwongera kunagura amasezerano y’i Paris yo mu 2015 kw’ihindagurika ry’ibihe.

Perezida Biden yasubije Amerika muri ayo masezerano inyuma y’amasaha make agishikira ubutegetsi, bivanye nuko uwo yasubiriye, Donald Trump yari yayakuyemwo Amerika.

Amasezerano y’i Paris kw’ihindagurika ry’ibihe yo mu 2015 yasaba ibihugu kugabanya ivyuka birungikwa mu kirere, birimwo dioxide de carbon, ziva mu n’ibizuku hamwe na Gaze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG