Iyo ngingo, yafashwe uno musi ku wa gatanu, yatanze icizere gikomeye ko Amerika izokwongereza intererano y’amafranga agenewe gufasha ibihugu bikenye kwijukira amasoko ntanganguvu atageramira ibidukikije hamwe n’uguhangana n’ibihe bigenda birahindagurika mu gihe isi itera ishuha kurushiriza.
Trump yaravuye mu masezerano y’i Paris yateweko igikumu mu mwaka w’i 2015. Yaranse gutanga bibiri vya gatatu vy’imiliyaridi 3 z’amadolari yari yemewe gutangwa n’uwo yari yasusbiriye Prezida Barack Obama, yari agenewe gufasha ibihugu biri mu nzira y’amajambere guhangana n’ubushuhe butera bwiyongera kw’isi.
Yamara yaratanze amafranga agenewe kwubaka uburyo bukoresha imisharara y’izuba muri Afrika n’ugukingira abanyagihugu ibihuhusi n’inyuzure muri Asia. Ivyo vyari mu mugambi wayo w’imfashanyo ijejwe iterambere mu makungu.
Hari icizere kinini ko reta ya Biden izoshsira mu bikorwa umuhango wayo w’ugutanga amafranga yemeye ajejwe gufasha ibihugu bikenye guhangana n’ico kibazo.
Mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka urangiye w’i 2021, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres yaragabishije ibihugu bitunze ko biriko birikwega bikomeye ku vyo vyemeye vy’ugutanga imiliyaridi 100 y’amadolari ku mwaka agenewe gufasha ibihugu bikenye kwijukira amasosko ntanganguvu atageramira ibidudkikije hamwe n’uguhangana n’ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe.
Facebook Forum