Uko wahagera

Murisanga ku Ngwara ya Autisme


Murisanga ku Ngwara ya Autisme
please wait

No media source currently available

0:00 0:59:59 0:00

ONU ivuga ko mu bihugu bitari bike hacibonekeza ikibazo co gufasha no gushigikira abarwaye ingwara yitwa Autisme. Abenshi mu bana baba mu bihugu biri mu nzira y'iterambere, ONU isigura ishimangira ko bigorana ko baronka ibigo bibitaho. Ibi biza vyiyongera ku gukumirwa mu kibano. Ino ngwara umwana ayigwaye naho hari ivyo usanga atandukaniyeko n'abandi, iyo yitaweho neza abaganga baremeza ko ashobora guherekezwa mu buzima bwiwe akabaho yisanzuye naho hari ivyo adakora nk'abandi bana baba bangana. Mu kiganiro Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Diane Nininahazwe, yagiranye na Jeanne d'Arc Nduwiyingoma atwara ikigo Talitha Koum citaho abana barwaye iyo ngwara mu Burundi, hamwe na Aurelie Gahimbare, umuvyeyi afise umwana ayirwaye, baragaruka ku kuntu abana bayifise mu Burundi bitabwaho.

XS
SM
MD
LG