Umugambwe uri ku butegetsi muri Cote d’Ivoire hamwe n’uwukomeye mu yitavuga rumwe nabwo, yose uko ari ibiri yemeje ko yatahukanye intsinzi kuri uyu w’Imana, mu matora y’abashingamateka yabaye ku musi wa gatandatu. Ni mu gihe ibiharuro vyayavuyemwo bitaratangazwa.
Icegera c’umukuru w’umugambwe, Rassemblement des Houphouëtistes pour la Démocratie et la Paix (RHDP) uri ku butegetsi, Adama Bictogo, yavuze ko baronse 60 kw’ijana z’intebe bari bakeneye.
Mu gatondo ko kuri uyu w’Imana, umugambwe PDCI utavuga rumwe n’ubutegetsi nawo watangaje ko watahukanye intsinzi muri ayo matora, kandi ko yabayemwo utunenge.
Amatora yo kuwa gatandatu yabaye nko gupima uko umutekano wifashe inyuma y’amezi ane habaye ubwicanyi bwahitanye abantu 87 imbere n’inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu.
Aya matangazo y’iyi migambwe agamije kubuza Perezida Alassane Ouattara n’umugambwe wiwe RHDP kwigarurira ubutegetsi bwose.
Mu matora y’abashingamateka yo mu kwezi kwa cumi na kabiri 2016, imigambwe RHDP na PDCI yari yarunze urunani, ica itahukana intebe 167 mu nama nshingamateka.
Facebook Forum