Uko wahagera

Igiporisi ca Afrika y'Epfo Cafashe Incanco ca Covid-19 Ziganwe


Ubucupa tugaragara tw'incanco za covid-19 zahinguriwe mu Bushinwa
Ubucupa tugaragara tw'incanco za covid-19 zahinguriwe mu Bushinwa

Igiporisi muri Afrika y’epfo carafashe incanco za Covid-19 ziganwe, congera gifata abantu bane gikekwa kuba bari muri ubwo bubisha. Igiporisi mpuzamakungu ca Interpol cavuze ko cafashije mu guhagarika abo bantu.

Ibi bibaye inyuma y’aho Interpol, ifise icicaro mu Bufaransa, mu kwezi kwa cumi na kabiri isohoreye igabisha ku bajejwe kwubahiriza amategeko mu bihugu 194 bihurikiye muri ico giporisi. Cagabishije gisaba ko ibihugu vyotangura kwitunganya mu kurwanya imigwi igiye gutangura kugurisha incanco za Covid-19 atari zo.

Interpol yavuze ku musi wa gatatu ko uducupa 400 turimwo incanco ziganwe twatowe mu bubiko bw’ihinguriro i Germiston, mu buseruko bwa Johannesburg, aho abaporisi basanze n’igitigiri kinini c’udupfukamunwa tutemewe gukoreshwa.

Abashinwa batatu hamwe n’umwenegihugu wa Zambiya barahagaritswe.

Ifatwa ry’izo ncanco hamwe n’abazifatanwe muri Afrika y’Epfo vyatanze amakuru atuma hamenyekana akagwi kagurisha incanco ziganywe mu Bushinwa.

Igiporisi mu Bushinwa caciye kigira umukwabu aho zihingurirwa, hafatwa abantu 80 n'incanco ziganwe zirenga 3 000 zafashwe nkuko igiporisi ca Interpol cavyanditse ku rubuga ngurukana bumenyi rwaco rwa internet.

Interpol yavuze ko amatohoza akibandanya kandi ko caronse izindi raporo z’incanco ziganwe ziriko ziratangwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG