Uko wahagera

Intagondwa Zarateye Ziraturira Ikambi ya ONU muri Nijeriya


Akagwi k'abagwanyi ba Boko Haram muri reta ya Zamfara, Nigeria, Kw'italiki ya 22/02/2021.
Akagwi k'abagwanyi ba Boko Haram muri reta ya Zamfara, Nigeria, Kw'italiki ya 22/02/2021.

Intagondwa zishamikiye ku muhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu kuri uyu wa mbere zateye ikambi y’abasirikare ba ONU mu gisagara ca Dikwa, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya, zirukana abasirikare, zigota abakozi 25, zongera ziraturira ico kigo cose.

Igisirikare ca Nijeriya cavuze ko carungitse abasirikare bari mu gisagara ca Marte, kiri ku bilometero 40, indege z’intambara zibiri na kajugujugu gufasha gutuza abo barwanyi.

Iki gitero kibaye inyuma y’imyaka itatu abo barwanyi nyene bateye ikigo ca ONU mu gisagara ca Rann kw’itariki ya 1 y’ukwezi kwa gatatu, 2018, aho bishe abakozi batatu batanga imfashanyo bongera banyuruza umukenyezi umwe.

Uburaruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya burangwamwo ubwicanyi bukorwa n’intagondwa zishingiye kw’idini rya kiyisilamu kuva Boko Haram itanguje ibitero mu 2019.

Abantu barenga 36 000 baramaze kwicwa abandi barenga imiliyoni zibiri barataye ingo zabo baromoka kuva iyo ntambata itangura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG