Amamiliyoni y’impapuro zerekana ingene uwahoze ari perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump yarishe reta amatagisi hamwe n’izindi nyandiko z’urudandaza rwiwe, vyarahawe umushikirizamanza wa reta ya New York. Ni inyuma y’urugamba rwari rumaze amezi 17 Donald Trump arwana yanka ko sentare ya New York ihabwa ayo mabanga.
Izo nyandiko, zirimwo ivyerekana ingene yarishe amatagisi ikigo c’Amerika kijejwe kuyatoza, IRS, mu kiringo kiri hagati y’imyaka ya 2011 na 2019. Zahawe umushikirizamanza wa New York, Cyrus Vance Jr. ku musi wa mbere.
Ibi bitanzwe inyuma y’ingingo ya sentare ntahinyuzwa ya Amerika, yanse ivyasabwe n’uwo yahoze ari perezida, amaze ukwezi avuye ku butegetsi.
Trump, ni we wenyene mu ba perezida batwaye Amerika mu myaka 40, yanse kwerekana ingene yarishe amatagisi reta.
Mu ntango z’iyi ndwi, Trump yaraneguye ingingo ya sentare ntahinyuzwa ya Amerika yo gutanga uburenganzira bwo kuronsa ubucamanza ivyemeza nimba yarariha canke atariha amatagisi. Yavuze ko ari ingingo ishingiye ku mvo za politike.
Donald Trump ariko aratohozwako kandi muri reta ya Georgia, aho umucamanza wo mu gisagara ca Atlanta ariko araraba nimba mu kwezi kwa cumi na kabiri uwo yahoze ari perezida yararemereye abategetsi bajejwe amatora muri iyo reta. Yoba yarabasavye guhindukiza amajwi y'ivyavuye mu matora y’umudemokrate Joe Biden kugira bayamuhe.
Facebook Forum