Ibitigiri vy’abanyororo bapfiriye mu midugararo mu mabohero ane yo muri Equateur kuri uyu wa gatatu bishitse kuri 79. Imiryango yabo iriko irasaba ibisigarira vy’ababo baciwe ibihimba vy'umubiri n'abandi baturiwe.
Ku musi wa kabiri, uburongozi bw’amabohero muri Equateur bwavuze ko bwasubiye kugenzura ayo mabobero ane yabereyemwo imigumuko, arimwo abanyororo barenga bibiri vya bitatu vy’abapfunzwe mu gihugu cose.
Ubutegetsi bw’amabohero buvuga ko abanyororo 37 bapfiriye mu mabohero abiri mu burengero bw’igisagara ca Guayaquil, 34 bicirwa mu gisagara ca Cuenca mu bumanuko, abandi umunani bapfira hagati mu gihugu.
Perezida Lenin Moreno, yategetse umushikiranganji wo kwivuna abansi kugira umukwabu w’abanyororo batunze ibirwanisho, amasasu hamwe n’ibiturika mu mabohero y’igihugu. Yavuze ko imidugararo yo ku musi wa kabiri hagati y’abanyororo vyakozwe n’abo yise imigwi y’abicanyi.
Mu mwaka uheze, yatangaje imisi 90 y’ibihe bidasanzwe kugira atururuze kandi ashire ku murongo imigwi y’abanyororo bicana hagati yabo.
Facebook Forum