Uko wahagera

Equateur: Abanyororo Hafi 50 Barishwe mu Midugararo Yabahuje


Abasirikare bariko bariko barakizura hanze y'ibohero muri Equateur
Abasirikare bariko bariko barakizura hanze y'ibohero muri Equateur

Abategetsi muri Equateur bavuze ko abanyororo hafi 50 bo mu mabohero atatu bapfuye, abandi batari bake barakomereka kuri uyu wa kabiri, inyuma y’aho imigwi y’intagondwa y’abo banyororo idacana uwaka yatana mu mutwe.

Igiporisi cashikirije kibicishije mu butumwa kuri Twitter ko ubwo bwicanyi bwabereye mu ntara za Guayas, Azuay na Cotopaxi.

Perezida wa Equateur, Lenin Moreno, yegetse ubwo bwicanyi ku co yise imihari y’abicanyi yama yatanye mu mitwe mu busho butandukanye.

Abategetsi bavuze ko bariko barakora kugira bongere kugenzura ayo mabohero.

Mu kwezi kwa cumi na kabiri, imigumuko nk’iyo hagati y’iyo migwi yahitanye ubuzima bw’abanyororo 11 hamwe n’abandi indwi bakomeretse. Ugutana mu mitwe hagati y’abanyororo kwahitanye 51 mu mwaka wa 2020, nkuko bishikirizwa n’igiporisi.

Equateur ifise abanyororo bashika ku 38 000, mu gihugu kibamwo imiliyoni 17 z’abanyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG