Uko wahagera

Amerika mu Biganiro Isaba Irani Kurekura Abanyamerika Ifunze


Umuhanuzi muvyo umutekano mu gihugu muri reta ya Joe Biden, aho yari mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Washington.
Umuhanuzi muvyo umutekano mu gihugu muri reta ya Joe Biden, aho yari mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Washington.

Umuhanuzi mu vy’umutekano mu biro vya perezida, muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Jake Sullivan, yavuze kuri uyu w’Imana ko Amerika yatanguye kuganira na Irani kw’irekurwa n’itahukanwa ry’abanyamerika bashika batanu bari mu minwe ya Irani bagirizwa ibikorwa vya maneko.

Jake Sullivan, yavuze ko gutahukana amahoro abanyamerika bafatiwe mu mahanga ari kimwe mu vyihutirwa muri reta ya Joe Biden. Avuga ko Amerika itazokwemera ko abayo bafungwa bahowe ubusa kandi bitubahirije amategeko.

Irani ifunze abafise ubwenegihugu bubiri, baharurwa mu macumi, barimwo abanyamerika batanu, benshi bahowe ibikorwa vya maneko.

Ariko Sullivan yemeza ko uku kuganira kuterekeye ibindi biganiro vya Amerika vyo kwongera gusubira mu masezerano ya Nikleyeli yo mu 2015.

Perezida Biden yavuze ku musi wa gatanu ko Amerika yiteguye gusubira mu biganiro vyo gusubira muri ayo masezerano uwo yasubiriye Donald Trump yauyemwo mu 2018.

Ariko kuri uyu w’Imana, Irani yavuze ko Reta zunze ubumwe za Amerika itazobishobora imbere yuko ihanagura ibihano vy’ubutunzi yafatiye igihugu ciwe. Amerika yo isaba ko Irani ibanza gusubira kwubahiriza ayo masezerano no kugabanya urugero rw’ubumara bwa Iranium ihingura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG