Uko wahagera

Perezida Erdogan Yagiriza Amerika Gushigikira Abakora Iterabwoba


Perezida wa Turukiya, Recep Tayyip Erdogan, ashikiriza ijambo abanywanyi b'umugambwe uri ku butegetsi mu gisagara ca Rize, Kw'italiki 15/02/2021.
Perezida wa Turukiya, Recep Tayyip Erdogan, ashikiriza ijambo abanywanyi b'umugambwe uri ku butegetsi mu gisagara ca Rize, Kw'italiki 15/02/2021.

Perezida wa Turukiya, Recep Tayyip Erdogan, yagirije Reta zunze ubumwe za Amerika bafatanije mw’ishirahamwe OTAN kuba ishigikiye iterabwoba. Yabivuze inyuma y’urupfu rw’abanyaturukiya 13 banyurujwe mu buraruko bwa Iraki. Perezida Erdogan yarasuzuguye ijambo ryashikirijwe na Amerika kuri ubwo bwicanyi, avuga ko ari ukwikurayo.

Mu kuvuga abakora iterabwoba, Perezida Erdogan, yariko avuga umugambwe w’abakozi b’abakurde, PKK, yagiriza ubwo bwicanyi kandi umaze imyaka urwanira mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Turukiya.

Perezida Erdogan yabivuze haheze umusi umwe, umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Amerika bw’imigenderanire n’ayandi makungu avuze ko aneguye ubwicanyi bwakorewe abasivile ba Turukiya.

Umushikiranganji wa Turukiya ajejwe ukwivuna abansi, Hulusi Akar, na we yavuze ku musi w’Imana ivyo biziga vy'abanyagihugu babo vyatowe mu ntara ya Gara, iri hafi y’urubibe rwa Turukiya na Iraki.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG