Uko wahagera

Ibanki BAD Yiyemeje Kubandanya Ishigikira Uburundi mw'Iterambere


Icicaro gikuru c'Ibanki BAD, i Abidjan muri Cote d'Ivoire

Ibanki ya Afrika ijejwe iterambere, BAD, “Banque Africaine de Développement” yemeza ko itazokwigera iheba gufasha Uburundi mu migambi y’iterambere.

NDOYE Daniel, aserukira iyo Banki yabibwiye umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu, inyuma y’umubonano bagiraniye kuri uyu wa kane.

Uburyo buriko burakoreshwa mu migambi iyo banki iriko irafashamwo Uburundi muri iki gihe burenga imiliyoni 150 y’amadolari ya Amerika, azokoreshwa mu migambi 19.

Ayarenga imilioni 20 z’Amadolari muri iyo mfashanyo y’iterambere “Aide au Developpement durable”, azokoreshwa mu burimyi n’ubworozi, ayandi mu mu kwubaka amabarabara no gukwiragiza umuyagankuba mu gihugu.

Inkuru iramvuye, tuyishikirizwa n’umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika ari I Kigali mu Rwanda, Pierre Claver Niyonkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:10 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG