Uko wahagera

Kudeta Yaburijwemwo muri Haiti


Abategetsi muri Haiti bavuze kuri uyu w’Imana ko baburijemwo kudeta yari igamije kwica Perezida Jovenel Moise no gutembagaza reta yiwe. Ni mu gihe ishavu mu banyeporitike riniga ku gihe manda yiwe izorangirira.

Umushikiranganji w’ubutungane, Rockefeller Vincent, yavuze ko abantu hafi 23 bahagaritswe, harimwo umushikirizamanza mukuru hamwe n’umutegetsi akomeye mu giporisi.

Perezida Moise, amaze umwaka arongoye igihugu, ariko atagenzura ubutegetsi bwose, avuga ko azoguma ku butegetsi gushika kw’itariki 7 y’ukwezi kwa kabiri, 2022. Abatavuga rumwe na we bavyamirira kure mu kuvuga ko ikiringo ciwe kirangira kuri uyu w’Imana.

Reta zunze ubumwe z’Amerika ku musi wa gatanu, yaremeye iguma ku butegetsi ryiwe. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu, Ned Price, yavuze ko Amerika yipfuza ko haba amatora y’abashingamateka atekanye kandi atawe akumira, kugira inama nshingamateka isubirane ububasha ihabwa n’amategeko.

Perezida Moise yaratowe, mu nyuma ayo matora yarahanaguwe kuko yabayemwo ruswa. Yongeye gutorwa inyuma y’umwaka, mu 2016. Inyuma y’iryo tora, haciye haduka imyiyerekano ikomeye mu 2018 yasaba ko atanga imihoho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG