Uko wahagera

Uburundi Buvuga ko Butazokwakira Urucanco rwa Covid-19


Muganga Thadee Ndikumana, umushikiranganji w'amagara y'abantu mu Burundi.
Muganga Thadee Ndikumana, umushikiranganji w'amagara y'abantu mu Burundi.

Reta y'Uburundi yemeza ko naho ico gihugu kiri muvyatoranijwe kugira bifate ingingo ku vyerekeye urukingo rwa Covid-19 muri Afurika itazemera kurwakira.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu amenyesha ko ikiringo c’isekeza ryo gupima abantu mu kivunga ku mugwa w’ubutunzi Bujumbura catanguye kuva ku wa 11 ukwezi guheze hamwe n’uguhimiriza abantu mu gihugu cose kwipimisha, cerekana ibitigiri bishimishije haba ku bantu bitabira kwipimisha, abakira hamwe n’akamaro imiti itangwa igira.

Kugira Reta ikomeze ironka uburyo buhagije bwo gukingira Abarundi n’abanyamahanga bari mu gihugu umugera wa Corona, muganga Thaddee Ndikumana yavuze ko amafaranga abasohoka igihugu basabwa kugira baronswe (ceretifika ) (urupapuro rwemeza ko basuzumwe) avanywe ku bihumbi 10 aja kuri 60 000.

Muganga Ndikumana arongoye ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu yemeza ko ata gahotoro karimwo na rirya abantu bafata ingendo zo mu kirere baba bafise amikoro.

Mu nama y’Umugwi w’igihugu ujejwe kugwanya Covid-19 yafatiwemwo ingingo zasomwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu, waranavuze ko kugeza ubu urucanco rutari ngombwa ku Barundi.

Izindi ngingo zose zirimwo iyugarwa ry’umupaka wo mu mazi no ku butaka ziriko zirakwirikizwa kuva kuwa 11 ukwezi guheze zagumijweho.

Muri izo ngingo harimwo amadolari 30 asabwa abipimisha binjiriye ku kibuga c’indege ca Bujumbura hamwe n’imisi indwi babwirizwa kumara mu mahoteri biyugaranye, banakoresha ibipimo incuro zibiri bagishika ku butaka bw’Uburundi no ku musi ugira gatandatu.

Kugera kuri uyu wa kane, abantu 1664 ni bo Reta ivuga ko bari bamaze kwandura umugera wa Covid-19 kuva mu kwezi kwa gatatu umuntu wa mbere awutoweko, babiri warabahitanye mu gihe 773 bakize nayo 889 bakaba bakigwaye.

Kuva kw’itariki ya 11 ukwezi kwa mbere hatanguye igice ca kabiri c’isekeza ryo gupima abantu ku buntu, ibipimo bimaze gukorwa bigera kuri 31950 nayo abanduye uwo mugera muri ico kiringo bangana 663.

Muri abo, 147 binjiriye ku kibuga c’indege ca Bujumbura bavuye hanze y’igihugu nk’uko ibitigiri bitangwa na komite y’igihugu ijejwe kugwanya umugera wa Corona bivyerekana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG