Uko wahagera

Ibihumbi vy'Abanyagihugu ba Hong Kong Bahungiye mu Bwongereza


Abanye-Hong Kong ku kibuga c'indege baja mu Bwongereza.
Abanye-Hong Kong ku kibuga c'indege baja mu Bwongereza.

Ibihumbi vy’abanyagihugu ba Hong Kong bahisemwo guheba igisagara cabo bimukira mu Bwongereza, kuva aho bashiriweko itegeko rikomeye rijanye n’umutekano kuri ubwo butaka bugenzurwa n’Ubushinwa mu mwaka uheze. Ibitigiri vy’abimuka vyitezwe ko vyiyongera gushika mu bihumbi amajana.

Bamwe bagiye kuko batinya guhanwa kuko bashigikiye imyiyerekano yaharanira intwaro ya demokarasi yabaye mu 2019. Abandi bavuga ko ingendo y’Ubushinwa yo kwinjira mu mibereho yabo no kubima ivyo bafitiye uburenganzira batovyihanganira. Bashima kuja mu mahanga kurondera kazoza kabo keza n’ako abana babo. Benshi bavuga ko badategekanya kugaruka.

Abanyagihugu ba Hong Kong bashika imiliyoni 5 ni bo bahabwa amahirwe yo gusaba visa z’Ubwongereza, bakazohabwa uburenganzira bwo gukora, kwiga ndetse no kuba abenegihugu baho.

Umushikiranganji w’Ubwongereza, Boris Johnson, yavuze muri iyi ndwi ko igihugu arongoye kizobandanya ubucuti bwa kahise na Hong Kong yahoze munsi y’Ubukoloni bwabo. Ariko Ubushinwa ku musi wa gatanu w’indwi iheze bwavuze ko butazokwemera abanyagihugu bafise passeport itangiwe mu Bwongereza nk’urupapuro rw’inzira, kandi ko kubona bagiye guhabwa ubwenegihugu ari uguhonyanga ubwigenge bw’Ubushinwa

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG