Uko wahagera

Francine Niyonsaba muri Murisanga


Francine Niyonsaba muri Murisanga
please wait

No media source currently available

0:00 1:00:00 0:00

Umunonotsi w'Umurundikazi Francine Niyonsaba, kuva mu 2017 afatirwa ingingo n'ishirahamwe mpuzamakungu ry'abanonotsi, IAAF, ryamubujije gusubira guhiganwa ku metro zirenga 800, ku ncuro ya mbere ku munsi wa Mungu w'indwi iheze yarakoze amahiganwa y'imetero ibihubi 10 mu Burundi. Izo metero yazirutse mu minota 33 n'amasogonda 45, atahukana ikibanza ca mbere. Mugenzi wiwe Caster Semenya wo muri Afurika y'Epfo, bagirizwa kugira imisemburo inyuranye n'iy'abandi bakobwa bahiganwa yaritwaye mu Busuwisse. Niyonsaba ku ruhande rwiwe, asigura ko atararonka abamushigikira ku rwego rw'igihugu ciwe (Ntiyitwara nka Niyonsaba ahubwo igihugu ni co citwara). Naho biri uko, uwo mwigeme w'imyaka 27 yemeza ko atarota ateshwa ngo ate kandi ko ingingo bafatiwe ari akarenganyo. Yabisiguriye umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Diane Nininahazwe mu kiganiro Murisanga bagiranye

XS
SM
MD
LG