Uko wahagera

Abanyanijeriya Barashima ko Bagiye Kwongera Kugendera Amerika


Ingenzi ku kibuga c'indege Nnamdi Azikiwe International Airport, i Abuja, muri Nigeria, kw'italiki ya 8/07/2020.
Ingenzi ku kibuga c'indege Nnamdi Azikiwe International Airport, i Abuja, muri Nigeria, kw'italiki ya 8/07/2020.

Abanyenijeriya bagarukanye icizere co gusubira gufata ingendo muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, inyuma y’aho perezida Joe Biden, ku munsi wa mbere agishika ku butegetsi, ahagarikiye ingingo yafashwe n’uwo yasubiriye, Donald Trump. Iyo ngingo yabuza ingendo muri Amerika ku banyagihugu bo mu bihugu birwiriyemwo abayisilamu hamwe n’ibihugu vya Afrika.

Nijeriya yari muri ivyo bihugu vyakozweko n’iyo ngingo, yafashwe na reta ya Trump mu 2017, isigura intambamyi ku mutekano w’Amerika, ariko bamwe babibona ko ari ivangura.

Reta ya Trump yavuze ko iyo ngingo yafashwe ku makenga ajanye n’iterabwoba, ivuga ko ibihugu vyashizwe kuri urwo rutonde bidakwije ibisabwa bijanye n’umutekano. Ariko abaneguye iyo ngingo bavuga ko icitwazo c’umutekano atari yo mvo nyakuri yatumye iyo ngingo ifatwa.

Mu gihe iyo ngingo ifuswe, abanyanijeriya bavuga ko bagiye kwongera kugendera Reta zunze ubumwe z’Amerika, kandi ko n’amakompanyi yabo akora mu gisata co gutwara ibintu n’abantu yiteze kuzobona umwimbu w’amafaranga wiyongera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG