Uko wahagera

HRW: Perezida Trump Yabaye Mubi ku Gateka ka Zina Muntu


Umuyobozi nshingwabikorwa wa HRW, Kenneth Roth
Umuyobozi nshingwabikorwa wa HRW, Kenneth Roth

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka kazina muntu, Human Rights Watch risaba perezida yatowe Joe Biden gukomeza ibijanye n’agateka ka muntu muri Reta zunze ubumwe z’Amerika ku buryo abazoza inyuma yiwe ataho bazoronka bamenera. HRW yipfuza kandi ko ashira imbere ikibazo c’agateka ka muntu muri politike ya reta yiwe y’imigenderanire n’amakungu.

Muri Raporo y’uyu mwaka wa 2021, umuyobozi nshingwabikorwa wa HRW, Kenneth Roth yavuze kuri uyu wa gatatu ko Perezida Donald Trump yabaye mubi cane ku gateka kazina muntu, ariko kandi ko itorwa rya Joe Biden ari akaryo keza ko kugira ibihinduka.

Raporo ya HRW iranebagura kandi politike zo mu gihugu gahati za reta ya Trump, harimwo gutandukanya abana b’abimukira batagira ivyangombwa n’abavyeyi babo, kubuza abakenyezi kwihitiramwo uko bipfuza ko amagara yabo amera kubijanye no kurondoka hamwe no guhonyanga uburenganzira bw’abakundana bahuza ibitsina.

Reta ya Trump ntiyashotse igira ico ishikirije kuri ivyo inebagurwa ariko yakunze kuvuga muri kahise ko iza imbere mu kurwanira agateka ka muntu kw’isi.

Ariko naho bir’uko, iryo shirahamwe rirashimira reta ya Trump kubona yarafatiye ibihano abategetsi b’Ubushinwa, Siriya na Uganda ibagiriza ivyaha ku gateka ka muntu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG