Abategetsi mu Bwongereza bavuze kuri uyu w’Imana ko ibitaro mur’ico gihugu vyarengewe n’abarwayi ba COVID-19 kandi igisata c’ubuvuzi kiri mu bihe bibi bitazigera vyibagirwa.
Iri gabisha ryatanzwe n’umukuru w’igisata c’ubuvuzi mu gihugu, Chris Whitty, rije mu gihe abagize akanama k’abahanuzi b’igihugu, n’ako abahinga muvya siyansi, batangarije ko ingingo za guma mu rugo zafashwe mu bihe vyo guhimbaza Noheli zitubahirijwe nk’uko bikwiye. Bavuga ko habaye ukworosha, abantu bahurira hamwe mu miryango, no kubareka bahurira hamwe mu masoko.
Abashikiranganji bavuga ko ata mugambi wo gukomeza izo ngingo ariko ko bagiye gutangura gukomeza amategeko yo kugumiza abantu mu ngo kandi ko igiporisi categetswe kuvyubahiriza no gutangisha amande.
Bamwe mu bakozi bo bitaro bavuga ko ibintu vyayangaye ku murwa mukuru Londres no mu bice vy’ubumanuko bw’Ubwongereza. Abantu bishwe na Corona kuri uyu w’Imana mu gihugu barenze 80 000 kandi igihugu kimaze imisi ine yikurikiranya kironka abarenga 1000 biyondera ku bapfa.
Umukuru w’igisagara ca Londres, Sadiq Khan, ku musi wa gatanu yavuze ko igisagara arongoye kiri mu bihe nk’ivyo mu ntambara.
Amareta yo ku mugabane wa Bulaya avuga ko ibitaro vyayo vyarengewe, cane cane m’Ubuswede.
Facebook Forum