Uko wahagera

Umuyobozi wa Sosiyete Tesla Ni we Mutunzi Akomeye kw'Isi


Umuyobozi mukuru wa Tesla, Elon Musk, agenderera uruganda rw'imodoka za Tesla mu Budagi mui 2020.
Umuyobozi mukuru wa Tesla, Elon Musk, agenderera uruganda rw'imodoka za Tesla mu Budagi mui 2020.

Elon Musk, ayoboye isosiyete Tesla ikora imodoka zikoresha umuyagankuba uva mu mabateri, yabaye ku musi wa kane, umurwizatunga atunze cane kurusha abandi kw’isi. Ivyo vyatewe n’agaciro k’imitahe y’isosiyete ayoboye, Tesla, kiyongeye bikomeye cane. Yarenganye, Jeff Bezos yahora ari we ari muri ico kibanza.

Tusk, afise imyaka 49 muri iki gihe, ayoboye kandi isosiyete SpaceX, yarenganye Bezos yashinze isosiyete, Amazon mu gitondo co ku musi wa kane, hisunzwe ibiharuro vyakozwe n’ikigo, Bloomberg gikwirikina ivyerekeye amafranga.

Jeff Bezos yari umurwizatunga wa mbere kw’isi kuva mu mwaka w’i 2017. Akwirikirwa na Bill Gates, yashinze isosiyete, Microsoft, mu nyuma yaho hakaza Bernard Arnault, agakwirikirwa na Mark Zuckerberg, ayoboye isosiyete, Facebook. Zuckerberg afise imyaka 36 gusa.

Mu gihe agaciro k’imitahe y’isosiyete Tesla kiyongeye incuro zirenga 7 mu mwaka w’i 2020, kabandanije kwiyongera bikomeye kw’isoko ry’imitahe I New York muri Amerika ku musi wa kane, amatungo ya Musk akomoka mu gihugu ca Afrikaka y’epfo yageze ku gaciro k’imiliaridi 188 n’imiliyoni amajana atanu y’amadolari y’amanyamerika. Yagiye imbere ya Jeff Bezos umuliyaridi n’imiliyoni amajana atanu.

Menshi mu matungo ya Elon Musk agizwe n’imitahe, myinshi muriyo ikoreshwa nk’ingwati ku ngurane akoresha kugira ayishire mu masosiyete ayoboye.

Musk, ni umunyemari akomeye mu buhinga bwa none mu kibanza ca Silicon Valley, kirimwo amasosiyete akomeye cane mu bijanye n’ubuhinga bwa none kiri muri Reta ya Californiya. Yaravuye muri ico kibanza yimukira muri Reta ya Texas aho matagisi atari hejuru cane. Yemeye ko azoha igice c’amatungo yiwe amashirahamwe afasha abatishoboye nkuko vyemezwa n’ikinyamakuru gikwirikirana abatunzi kw’isi, Forbes.

Yamara ntarabikora muri iki gihe. Yasiguye mu butumwa kuri Twitter mu mwaka w’i 2018, ko azotanga amafranga atari make mu myaka 20, igihe isosiyete yiwe, Tulsa izoba yamaze kugera ahantu atabizoba biriko birahindagurika muriyo.

Ku musi wa gatatu, agaciro ka’isosiyete, Tulsa kari kamaze kurengana imiliyaridi 700 y’amadolari kw’isoko ry’imitahe rya Wall Street mu mpera z’umusi mu bwari bubaye ubwa mbere. Ku musi wa kane, agaciro k’iyo sosiyete kari karenze imiliyaridi 800 y’amadolari imbere yuko umusi urangira.

Naho ikiza ca Covid-19 cadutse mu makungu, ubutunzi bugasusbira inyuma, mu gihe ubushomeri bwiyongeye, agaciro k’imitahe ku masoko y’imitahe muri Amerika kagumye kiyongera bikomeye mu mpera z’umwaka urangiye w’i 2020.

Isosiyete Tesla rirusha agaciro amasosiyete, General Motors, Ford, Fiat-Chrysler, Toyota, Honda na Wolkswagen yose ari hamwe. Iyo sosiyete ibandanya guhurumbirwa n’abanyamitahe mu bijanye n’imodoka zikoresha umuyagankuba uva mu mabateri hamwe n’ukuba Elon Musk yashoboye kwunguka mu mezi 15 yikwirikiranya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG