Uko wahagera

Umunyakenya Akekwa Umugambi w'Iterabwoba Yarengutse muri Sentare muri Amerika


Umunywanyi w’umuhari w’iterabwoba al-Shabab yagirijwe kuba yari mu gutegura mu mpisho igitero c’iterabwoba muri Reta zunze ubumwe z’Amerika gisa nk’icabaye i New York kw’italiki 11 z’ukwezi kw’icenda mu 2001, yashikanywe i New York kuri uyu wa gatatu. Yazanywe kuburanishwa ku vyaha vy’iterabwoba. Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe ubutungane bwabitangaje kuri uyu wa gatatu.

Uwo mwenegihugu wa Kenya, Cholo Abdi Abdullah yarungitswe ku wa kabiri akuwe muri Philippines, aho yari afungiwe kuva agifatwa mu kwezi kw’indwi umwaka wa 2019. Igihugu ca Philippines camushikirije Reta zunze ubumwe z’Amerika kuwa kabiri.

Abdullah yagirizwa gutegura mu mpisho umugambi wo kunyuruza indege yunguruza abantu akayiseka ku nyubakwa muri Amerika. Nk’umwe mu bari muri uyo mugambi wari urongowe n’abategetsi ba al-Shabab, Abdullah yagirizwa kuba yaronkejwe imyimenyerezo yo gutwara indege muri Philippines.

Yagirijwe ivyaha bitandatu kuri uyu wa gatatu, kandi vyitezwe ko ashikanwa imbere y’umucamanza wa reta i New York. Ivyo yagirizwa birimwo guha ibikoresho ishirahamwe ry’iterabwoba ry’abanyamahanga, kuba mu mugambi wo kwica abanyamerika, gutegura umugambi wo kunyuruza indege no kuyisambura.

Ubucamanza buvuga ko uwo mugambi w’igitero uri mu mugambi munini w’umuhari al shabab wo muri Somaliya, wo kwica abanyamerika inyuma y’aho Amerika ifatiye ingingo yo kwimurira ambassade yayo i Yerusalemu.

Mu kwezi kwa mbere 2019, uwo muhari waragavye igitero c’ubwiyahuzi kw’ihoteli i Nairobi, muri Kenya, hapfa abantu bashika 21, barimwo umunyamerika umwe.

Mu bihe vya vuba, al-shabab yariyemereye ko yakoze ibitero ku makambi y’abanyamerika muri Kenya no muri Somaliya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG