Uko wahagera

USA Yahanye Abategetsi 2 ba Irani Kubwo Kunyuruza Umunyamerika


Ifoto y'uwahoze akorera FBI Robert Levinson, yaburiwe irengero kw'izinga rya Kish muri Irani, ukwezi kwa 3, italiki 9, 2007.
Ifoto y'uwahoze akorera FBI Robert Levinson, yaburiwe irengero kw'izinga rya Kish muri Irani, ukwezi kwa 3, italiki 9, 2007.

Reta zunze ubumwe z’Amerika yafatiye ibihano abenegihugu babiri ba Irani ku ruhara boba baragize mu kunyuruza canke kumbure kwica Robert Levinson, umunyamerika yahoze akorera ikigo c’Amerika c’inyamiramabi, FBI mu kwezi kwa gatatu 2007.

Bubaye ubwa mbere Amerika irega Irani kw’inyuruzwa ry’uwahoze kuba akorera FBI. Irani ntaco irashikiriza kuri iyo ngingo ya Irani.

Abo banyagihugu babiri ba Irani ni Mohammad Baseri na Ahmad Khazai, bose uko ari babiri, ubushikiranganji bw’Amerika bw’ikigega buvuga ko ari abategetsi bakomeye mu bushikiranganji bwa Irani bujejwe iperereza n’umutekano. Bose baregwa kuba baragize uruhara mw’inyuruzwa rya Robert Levinson.

Levinson yaburiwe irengero kw’italiki 9 y’ukwezi kwa gatatu umwaka wa 2007, igihe yari gutembera mw’izinga rya Kish nk’umunyamitahe.

Mu mwaka wa 2010, umuryango wa Levinson waronse videwo yiwe yemeza ko akiriho. Mu 2011, baronse amafoto yiwe yerekana yarononekaye.

Ikinyamakuru The Associated Press, co muri Amerika, cavuze ko Amerika yamenye ko Levinson yamaze gupfa haraheze amezi icenda.

Perezidanse y’Amerika, White House yavuze ko iyo ngingo yerekana ko reta ya Trump izohana uwo wese akora ibikorwa vyo kunyuruza abantu mu kwibaza ko ari igikoresho ca dipolomasiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG