Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku bifungura, PAM ryahawe kuri uyu wa kane agashimwe kitiriwe Nobel ko muri uyu mwaka wa 2020. PAM yagahawe hifashishijwe ubuhinga bwa videwo conference.
Umuyobozi nshingwabikorwa wa PAM, David Beasley, yakiriye ako gashimwe ari i Roma, ku cicaro gikuru ca PAM yongera ashimira komite ya Nobel iri i Oslo muri Norvege. Yavuze ko ari akamo PAM itewe ko kwongereza ibikorwa, kuko kubwo intambara, ihindagurika ry’ibihe, hamwe n’ikiza ca Covid-19 vyatumye imiliyoni 270 z’abantu kw’isi ziriko zigana mu mapfa kubwo kubura ibifungurwa.
Mu mwaka wa 2019, PAM yafashije abantu hafi imiliyoni 100 mu bihugu 88.
Komite ya Nobel yavuze ko haruhande yo kurwanya inzara, PAM yafashije mu kugarukana amahoro mu bice bibangamiwe kandi yarakoze kugira inzara ntikoreshwe nk’ikigwanisho co mu ntambara.
Facebook Forum