Uko wahagera

OMS mw'Isekeza ryo Gufasha Imiliyoni 100 kw'Isi Guheba Itabi


Ibisigarira vy'itabi

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, risaba amareta kw’isi kwitwararika kumenya nimba abanyagihugu bayo bafise uburyo n’ibikoresho bikwiye bibafasha guheba kunywa itabi. Ni mu gihe ONU yatanguje isekeza ry’umwaka rigamije gufasha imiliyoni 100 y’abantu kw’isi guheba itabi.

Iryo sekeza rizoshimikira ku bihugu 22 birimwo na Reta zunze ubumwe z’Amerika kandi ryatanguye kuri uyu wa kabiri, imbere y’umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe kutanywa itabi uzohimbazwa mu 2021.

Mu ntango z’uyu mwaka, OMS yaragabishije ko abanywi b’itabi baza imbere mu bashobora kwicwa vuba na Covid-19. Hafi imiliyoni 780 z’abanywa itabi bavuze ko bipfuza kuriheba, ariko 30 kw’ijana gusa nibo bafise uburyo bwo kubafasha guheba.

Umuyobozi w’igisata ca OMS kijejwe kumenyekanisha ibikorwa, Dr. Ruediger Krech yavuze ko abategetsi mu gisata c’amagara y’abantu mu bihugu bakwiye gufasha aya mamiliyoni y’abantu bipfuza guheba kunywa itabi.

Umuyobozi wa OMS, Dr. Tedros Adhanom Ghebreyesus avuga ko imiliyoni 8 z’abantu kw’isi bicwa no kunywa itabi buri mwaka, kandi ko muri iki gihe ca Covid-19 ari akaryo keza ko guhimiriza abantu kuvavanura n’ako kamenyero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG