Uko wahagera

Papa Yahaye Imfashanyo Abateshejwe Izabo muri Mozambike


Pope Francisiko umwungere wa Ekleziya Katolika
Pope Francisiko umwungere wa Ekleziya Katolika

Papa Fransisiko yatanze imfashanyo y’amafaranga y’abanyabulaya 100 000 yo gufasha ibihumbi amajana vy’abateshejwe ingo zabo n’ibitero vy’umuhari w’iterabwoba mu buraruko bwa Mozambique.

Musenyeri Luiz Fernando Lisboa, wo muri Ekleziya Katolika ya Mozambike yavuze ko ayo mafaranga azofasha kwubaka amavuriro mu ntara ya Cabo Delgado iri mu buraruko bwa Mozambike, ahamaze gusiga ubuzima abantu hafi 2000.

Papa Fransisiko aheruka kugendera Mozambique mu kwezi kw’icenda umwaka uheze.

Ibitero vy’iterabwoba vyatanguye mu 2017 kandi bimaze no gukwira mu bice bitari bike vy’iyo ntara yo muri Mozambike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG